Uko wahagera

Urubuga rwa Sosiyete Yahoo Rwahagaritse Gukorera mu Bushinwa


Urubuga rwa sosiyete Yahoo rwahagaritse gukorera mu Bushinwa. Iyo sosiyete yavuze ko ivanye akarenge muri ico gihugu kubera amategeko, icuka n’urubuga rw’ubutunzi bitayoroheye gukoreramwo.

Ingingo y’urubuga nyamerika Yahoo Inc yatanguye kuja mu ngiro ejo ku wa mbere ariko itangazwa uno munsi. Urundi rubuga rumaze guhagarika gukorera mu Bushinwa ni urwitwa Linkedin rwegukira Sosiyete ya Microsoft.

Mu mbuga Ubushinwa bumaze guhagarika, harimwo izegukira Yahoo, Facebook na Google. Abanyagihugu bo mu Bushinwa bavyipfuza ariko naho biri uko barashobora kubandanya bakoresha izo mbuga bifashishije ubuhinga bwitwa VPN ( Virtual private network )

Abategetsi b’Ubushinwa kenshi bagirizwa kwivanga mu mikorere y’imbuga ngurukanamakuru na bumenyi zitandukanye zirimwo izitanga interneti. Kugira urubuga rwemererwe gukorera mu Bushinwa, hari amakuru na cane cane aya politike rusabwa kudatangaza.

Ikinjura rya sosiyete ya Yahoo mu Bushinwa rihuriranye n’itegeko rishasha ico gihugu kivuga ko rigamije gukingira amakuru bwite y’abakoresha imbuga zitandukanye. Bimwe mu biri muri iryo tegeko, harimwo ukugabanya ingene imbuga zitandukanye zitotororokanya amakuru y’abazikoresha n’ingene ziyabika.

Amategeko mu Bushinwa atomora ko amasosiyete yose akorera muri ico gihugu abwirizwa gutanga amakuru yose yega umuntu bwite igihe cose aba asabwe n’inzego. Mu 2007, sosiyete ya Yahoo yaranebaguwe kubera yatanze amakuru y’abantu babiri batavuga rumwe n’Ubushinwa bikabaviramwo ugufungwa.

Amwe muri ano makuru Ijwi ry'Amerika riyakesha itororokanirizo ry'amakuru y'abongereza, Reuters, n'iry'abanyamerika, AP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG