Uko wahagera

Urubanza rwa Perezida Trump Ruhera Uno Munsi


Perezida Donald Trump
Perezida Donald Trump

Urubanza rwa perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump, mu nama nkenguzamateka ku birego vyashikirijwe n’inama nshingamateka vy’uko yakoresheje nabi amabanga yiwe ku nyungu za politike ziwe bwite n’ukuba yabereye intambamyi imirimo y’inama nshingamateka ruhera uno musi ku wa gatatu.

Vyitezwe ko ibirego yagirizwa bihanagurwa n’inama nkenguzamateka. Abagize inama nshingamateka baraza gukorana mu masaha y’inyuma y’umutaga kugira bafate ingingo inyuma y’urubanza rwari rumaze indwi zibiri.

Kugira Perezida Trump avanwe ku butegetsi, bibiri vya gatatu vy’abagize inama nshingamateka 100 bategerezwa guhitamwo kumwegekako ibirego yagirizwa.

Yamara umugambwe w’Abarepublikani ufise ibibanza 53 ku bibanza 47 vy’umugambwe w’Abademokrate. Akaba ata murepublika n'umwe arerekana ko azokwegeka ivyaha kuri Perezida Trump.

Ku ruhande rw’Abademokrate nta n'umwe aravuga ko azokwitandukanya na bagenziwe mu guhitamwo kwambika izera Perezida Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG