Uko wahagera

Urubanza rwa Charles Taylor Rurasomwa uno Musi Ku wa Kane


Charles Taylor
Charles Taylor

Sentare idasanzwe yashiriweho igihugu ca Sierra Leone I La Haye yagirije Taylor ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu

Vyitezweko abacamanza ba sentare ijejwe gucira imanza abagirizwa ivyaha vyo mu ngwano ishigikiwe n’ishirahamwe O-N-U, basomera urubanza Charles Taylor yahoze ari prezida w’igihugu ca Liberia, uno musi ku wa kane yagirizwa kuba ariwe yagirisheje rimwe mw’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu mu bihe vya vuba mu karere ka Afrika.

Sentare idasanzwe yashiriweho igihugu ca Sierra Leone I La Haye yagirije Taylor ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu cumi na kimwe mu ngwano yamaze imyaka cumi n’umwe mu gihugu ca Sierra Leone, yarangiye mu mwaka w’2003. Abantu bagera ku gice c’umulioni barishwe mu muri iyi ngwano.

Taylor yagirizwa cane cane ko yagize uruhara mu bwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, iterabwoba, kwinjiza abana mu gisirikare n’ukugira abandi abashumba igihe yari prezida wa Liberia. Yagirizwa kandi ko yahaye ibigwanisho yongera afasha abagwanya ubutegetsi muri Sierra Leone bo mu mugwi Revolutionary United Front mu gihe nabo bamwemereye ubutare bwa diamands bwacukurwa mu buseruko bwa Sierra Leone.

Charles Taylor yarahakanye ivyaha vyo yagirijwe. Niyo yagigwa n’ivyo vyaha,vyitezweko abamuburanira bunguruza urubanza mu ndwi zibiri. Niyo yambikwa izera, vyitezweko ubushikirizamanza buzobigenza nkuko.

XS
SM
MD
LG