Uko wahagera

Raporo Yagiriza Urwanda Ivyaha vy’Ihonyabwoko muri Congo


Iyo raporo ya ONU yagiriza inteko z’Urwanda kuba, mu myaka ya 90, zarakoze ivyaha vyo mu ngwano, muri Republika ya Congo Iharanira Demokarasi

Ibiro vy’ugwego gw’ishirahamwe ONU rwubahiriza agateka ka muntu vyatangaje ko bigiye gusivya itangazwa ryi raporo yagiriza inteko z’Urwanda kuba, mu myaka ya 90, zarakoze ivyaha vyo mu ngwano muri Republika ya Congo Iharanira Demokarasi.

Navi Pillay, umukuru w’ugwo gwego gwa ONU, yavuze ku musi wa kane uheze, ko asibije isohorwa ry’iyo raporo, ikazotangazwa kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kw’icumi, kugira ngo bahe akanya ibihugu vyerwa n’ico kibazo ko kugira ico vyovuga ku vyatangajwe muri iyo raporo.

Igihugu c’Urwanda cariyamirije icegeranyo c’iyo raporo cashizwe ahagaragara mu kwezi guheze hataragera, n’ibinyamakuru bitari bike. Ico cegeranyo kivuga ko abasirikare b’Urwanda bo m’ubwoko bw’abatutsi, bajabutse imbibe bava mu Rwanda bakaja kwica abahutu ibihumbi n’ibihumbi mu ngwano yabaye muri Congo-Kinshasa. Ico cegeranyo gitangaza ko ivyaha vyakozwe ico gihe bishobora kugereranywa n’ihonyabwoko.

Ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 31 ry’ukwezi guheze, Urwanda rwavuze ko, mu gihe ishirahamwe ONU ryotangaza iyo raporo, rwoca rukura abasirikare barwo mu nteko za ONU zejejwe gucungera umutekano. Urwanda rurongera rukavuga ko iyo raporo iteye ishavu, kandi ko ityoza igihugu c’Urwanda.

XS
SM
MD
LG