Uko wahagera

Umwe mu Bakomeye Barwanya Ubutegetsi bwa Mali Yaburiwe Irengero


Soumaila Cisse, umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Mali.
Soumaila Cisse, umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Mali.

Irengero ry’umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta y’igihugu ca Mali, Soumaila Cisse, ntirizwi. Vyikekwa ko yanyurujwe ari kumwe n’abandi bantu 11.

Iyo nkuru yatangajwe kuri uyu wa kane n’umugambwe wiwe, “Union pour la Republique et la Democratie”.

Abo bantu bazimanganye mu gihe c’ukwiyamamariza amatora mu ntara intagondwa z’abayislamu zikoreramwo ibitero.

Umugambwe wa Soumaila Cisse uvuga ko utarashobora kuvugana n’abo banywanyi bawo bazimanganye kuva ku muhingamo wo ku musi wa gatatu.

Vyari vyitezwe ko baba bashitse mu gisagara ca Koumaira mu buraruko bw’intara ya Tombuktu. Ivyo bibaye imbere y’amatora y’abashingamateka yasibishijwe.

Abategetsi bavuga ko ayo matora azoba ku musi w’Imana naho ikiza c’umugera wa Corona kivugwa mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG