Uko wahagera

Umuvugabutumwa w’Icamamare TB Joshua Yitavye Imana


Umuvugabutumwa TB Joshua
Umuvugabutumwa TB Joshua

Umuvugabutumwa w’icamamare Temitope Balogun Joshua benshi batazira TB Joshua yitavye Imana. Icahitanye uwu mu Nyenijeriya ku myaka 57 ntikiratangazwa. Binugwanugwa ko yoba yashengeye ku munsi wa gatandatu inyuma y’ikiganiro c’ikibiriraho yari ahejeje gutanga. Ku rubuga rwiwe, hariko amafoto amwerekana ari muri izo nyigisho ejo ku wa gatandatu.

Ubutumwa bwacishijwe ku rubuga rwiwe rwa Facebok rukurikirwa n'abatari bake, bwagize buti: “ Imana yatahukanye umukozi wayo mu bwami bwayo. Ibihe vyiwe vya nyuma yabimaze akora ubutumwa yari yarahamagariwe. Iragi ryiwe ryo kwitanga no gukunda Imana ntirizozimangana.”

Naho uwu mutumwa yari akunzwe cane ku mugabane wa Afurika, inyigisho ziwe akatari gake zavuzweko ibitandukanye: Abaharanira agateka ka zina muntu bamwitwariye mu kwezi kwa kane bavuga ko yarenze akarimbi mu kuvuga nabi abakundana bahuje ibitsina, inyuma y’uko kwitwara, urubuga rwa YouTube rumuhagarikira umuhora wiwe ruvuga ko yawucishijeko imvugo zuzuye urwanko. Hari abandi yamara bamushimagiza bavuga ko yari afise Ingabire yo gusengera abarwaye indwara zitandukanye zirimwo na Sida bagakira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG