Uko wahagera

Umushingamateka Banciryanino Yashizwe mu Cumba c’Ihaniro


Fabien Banciryanino

Umushingamateka Fabien Banciryanino atavuga rumwe na reta y'Uburundi yashizwe mu cumba gihanitse c’ihaniro ca wenyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba (Cellule d'Isolement).

Banciryanino yazize ko yaheruka gushira ahabona urwandiko rwerekana ingene abafungiwe muri iryo bohero bahohoterwa. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, ubona ko ari “ibisanzwe ko umufungwa ahabwa inkebuzo irusha igihano yahawe”.

Yamara abandi baharanira agateka ka zina muntu co kimwe n'umuryango wiwe bariyamiriza iyo ngendo. Fabien Banciryanino amaze amezi 6 afunzwe, mu vyo yagirizwa harimwo gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Ibindi kuri ino nkuru turacabitunganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG