Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yagabishije abansi inyuma yuko igihugu ciwe kigize ibitero vy'indege z'ingwano vy'ukwishura muri Siriya.
Netanyahu yashikirije ayo majambo inyuma yuko Isirayeli igize ibitero ikoresheje indege z’igisirikare ku musi wa mbere mu bibanza vya gisirikare mu gihugu ca Siriya. Yariko yishura ku gitero cageregejwe mu ntara ya Golan Heights yigaruriye kuva mu mwaka w’i 1967. Igihe yariko agendera ikibanza ca gisirikare mu gice co hagati mu gihugu, Netanyahu yatangaje ko bazokora ibishoboka kugira bivune umwansi.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Siriya ryatangaje ko indege za kajugujugu za Isirayeli zarashe za rokete mu bibanza vy’igisirikare ca Reta hafi y’ahitwa Quneitra mu bumanuko bw’igihugu. Rimenyesha ko ata bahasize ubuzima ko yamara hari ibintu vyononekaye.
Hasanzwe hari icuka kibi gikomeye hagati ya Isirayeli na Siriya. Mu kwezi guheze indege z’ingwano za kajugujugu za Isirayeli zarakoze ibitero mu bibanza vya gisirikare mu bumanuko bwa Siriya. Hari mu gikorwa c’ukwishura ku bisasu vyari vyatumberejwe ku butaka bwayo biturutse muri ico gihugu.
Kuva mu mwaka w’i 2011, Isirayeli yakoze ibitero muri Siriya incuro amajana n’amajana hakoreshejwe indege z’ingwano. Ivyo bitero vyakozwe ku nteko za reta n’inteko bikorana zo muri Irani n’iz’umurwi Hezbollah ziri ku butaka bwa Siriya.
Facebook Forum