Uko wahagera

Burundi: Reta Izarwanya Igiturire Yihanukiriye


Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana amenyesha kw'amezi atandatu aheze aramutswa ubushikiranganji bw’ubutunagne yiboneye, yongera arumva ah'abacamanza barya ibiturire.

Kubw’iwe ngo igiturire s'agaseseshwa rumuri mu bisata bitandukanye vy’ubushikiranganji, atwara.

Umushikiranganji w’ubutungane yemeza ko kuvubu ata mukozi canke umucamanza n’umwe azosubira kwihanganirwa afashwe yariye igiturire canke yacatse.

Umushikiranganji w’ubutungane yibutsa ko mu bushikiranganji atwara hashinzwe igisata abantu bashobora kwitura, iyo basabwe igiturire n’abacamanza canke abandi bakozi bo mur'ubwo bushikiranganji.

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe Transparancy Interanational mu vyerekeye kurya ibiturire mu mwaka w’i 2015, ku bihugu 168 kw’isi, Uburundi buza mu kibanza c’i 150. Mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC Uburundi n’igihugu kigira kabiri mu kurya ibiturire.

Ica mbere mur'uwo muryango ni Sudani y’epfo iza mu kibanza c’i 163. Ibihugu vya Kenya n’Ubuganda biri mu kibanza kimwe c’i 139 nayo Tanzaniya iri mu kibanza c’117. Igihugu ca mbere mu kugwanya ibiturire mu karere ka Afrika y’ubuseruko kikaba ar' u Rwanda ruza mu kibanza ca 44.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:08 0:00

XS
SM
MD
LG