Uko wahagera

Umuryango w’Umwami Mwambutsa wa Kane, Uriyamiriza Umugambi wo Gushingura Ikiziga Ciwe mu Burundi


Inyuma y’aho reta y’Uburundi itangarije umugambi wo gusaba igihugu c’UbuSwisse kw’iziga ca Mwambutsa wa Kane, kizurwa kugira ngo ashingurwe mu Burundi mu cubahiro, umuryango wiwe waciye utangaza kw’uguye mu gahundwe, kwumva ingingo nk’iyo ikomeye ifatwa, utagishijwe inama, maze uca ufata ingingo yo kwankiriza uyo mugambi.

Inyuma y’aho ikiziga ca Mwambutsa kizuriwe kw’itongo yari yashinguwe mu gihugu c’Ubuswisse, haciye hafatwa ingingo yo kwanka gutanga uburenganzira bwo gutwara ikiziga ciwe mu Burundi, gushika, ibibazo vyose bihari mur’iki gihe, bitorewe inyishu.

Ijwi rya amerika ryararondeye amakuru y’imvaho mu gutunganya ikiganiro hagati y’umwishwa wa Mwambutsa, Ester Kamatari; umwuzukuru wa Mwambutsa, Aline Ndenzako, hamwe na Deo Hakizimana, arongoye ishirahamwe SIRID, yakwiirikiranye cane uyo mugambi, kuva ugitangazwa:

Mushobora kwumviriza iki kiganiro:

XS
SM
MD
LG