Uko wahagera

Libiya: Umuryango w'Ubumwe bwa Afurika Uzotahukana Abimukira 20,000


Bamwe mu Bimukira bo muri Nijeriya, Batahukanywe Iwabo kuri uno wa Kabiri
Bamwe mu Bimukira bo muri Nijeriya, Batahukanywe Iwabo kuri uno wa Kabiri

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika wiyemeje ku mugambi wayo w’ugutahukana abimukira bafatiwe mu gihugu ca Libiya. Mw’itangazo uwo muryango uvuga ko uzatahukana mu bihugu vyabo abanyafrika ibihumbi mirongo ibiri mu ndwi zitandatu ziri imbere.

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’ibihugu vyo mu karere ka Afrika vyararemewe bikomeye kugira bikure abanyagihugu bavyo muri Libiya. Ivyo n’inyuma y’amasanamu ya televiziyo CNN yerekanye abanyafrika b’abirabure bariko bagurishwa nk’abacakara murri Libiya.

Umuryango w’Afrika wari watangaje imbere yaho ko utegekanya gutahukana abimukira ibihumbi cumi na bitanu mu mpera z’uyu mwaka. Yamara warongereje ico gitigiri inyuma yuko umurwi ugizwe n’abawuserukira, abaserukira umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU babonanye mu misi mike ishize muri Cote d’Ivoire..

Ibihugu vyo muri Afrika ku giti cavyo vyaratanguye imigambi yavyo y’ugutahukana abanyagihugu bavyo. Igihugu ca Nigeriya gifise igitigiri kinini cane c’abimukira barondera gushika mu karere k’i Bulaya, catahukanye abantu ijana na mirongo ine na bane mur’iyi ndwi.

U Rwanda rwemeye kwakira abimukira bagera ku bihumbi mirongo itatu bakubaguwe bongera bafatwa nk’abacakara muri Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG