Uko wahagera

Umurwa Mukuru W’Igihugu ca Mali, Wari Utekanye, Inyuma y’Aho Abasirikare Bakoreye Coup D’Etat.


Ku musi wa kane, akagwi k’abasirikare, karatangaje ko katembagaje reta kandi ko kafashe ingingo yo guhagarika ibwirizwa shingiro, kandi kasambuye reta.

Inyuma y’aho iyo coup D’Etat, itasheshe amaraso ibereye, umutekano wari wose ku mu rwa mukuru Bamako, nk’uko amakuru atangwa n’ababa ku murwa mukuru, abivuga.

Amakuru yatangajwe kandi avuga kw’umutekano wa president yatembagajwe, Amani Toumani Toure, war’ucungerewe neza. Mugenzi wacu Frederic Nkundikije, yaraganiye n’umurundi aba ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Gervais Nkurikiye, araheza aramubwira uko ibintu vyifashe; Tubatege amatwi mur’iki kiganiro gikwirikira.

XS
SM
MD
LG