Uko wahagera

Khadja Nin mu Murwi Uzotora Uwuzotsindira Cannes 2018


Khadja Nin mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza mu 2015

Umuririmvyi w’umurundikazi, Khadja Nin yaratowe mu murwi w’abazogena uwuzotahukana agashimwe gakomeye mw’ihayanishwa ry’amareresi ryitiriwe igisagara ca Cannes mu Bufaransa “Festival de Cannes”. Khadja Nin yabwiye igisata Ijwi ry’Amerika ko kugenwa muri urwo rwego ari iteka.

"Vyarantangaje cane gose… sinari ndavyiteze kuko jewe igisata ca Sinema ntigeze ndagikoreramwo na rimwe. Kubona rero barantoye vyarantangaje….ihiganwa rya Cannes riri mu mahiganwa akomeye cane gose kw’isi! Kuba rero mu rwego rw’abazotora uwuzokwegukana agashimwe ka canne k’uno mwaka ni iteka rikomeye kuri jewe…"

Khadja Nin w’imyaka 58, yavukiye mu gihugu c’Uburundi aza kwimukira mu Bubirigi mu myaka ya za 80. Kuva mu 2015 hadukiye indyane za politike zifatiye ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu, Khadja Nin yarabonetse ku mbuga zitandukanye avuga ko atabishigikiye.

Khadja Nin
please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:02:55 0:00

​Avugana n'Ijwi ry'Amerika yavuze ko niyo bishobora azokoresha ako karyo kugira amakungu amenye ibibazo biri mu Burundi.

"Mu Burundi baracicana, baracahohoterana, baracakubagurana, baracafata abapfsoni n’abigeme ku nguvu..ivyo ntibishobora kubandanya uko! Urugamba tuzorubandanya! Ntidushobora kubemerera ko babandanya kutwicira abana, gufata ku nguvu abavyeyi bacu na bene wacu! Urwo rugamba ruri muvyo niyemeje Ntibikunda…biri muvyo niyemeje..ni nk’akazi nkora umwanya wose."

Ihayanishwa ry’amareresi ryitiriwe igisagara ca Cannes mu Bufaransa ry’uno mwaka rigira 71, rizoba hagati y’italiki 8 n’italiki 19 z’ukwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG