Uko wahagera

Umurundikazi Biha Yagenywe mu Mabanga yo Hejuru ya ONU


Giovanie Biha, icegera c’intumwa idasanzwe ya ONU muri Afurika y’Uburengero na Sahel.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yagenye Umurundikazi Giovanie Biha mu kibanza c’icegera c’intumwa idasanzwe ya ONU muri Afurika y’Uburengero na Sahel.

Madame Giovanie yari asanzwe ari umuyobozi mu biro vy’umunyamabanga mukuru wa ONU biraba ivy’iterambere. Imbere yaho, yabaye icegera c’umunyamabanga mukuru ashinzwe iterambere mu gisata c’inama mpuzamakungu citaho iterambere n’Ubutunzi bwa Afurika, gifise icicaro I Addis Abeba muri Etiyopiya.

Yakoreye kandi igisata ca ONU kijejwe iterambere, PNUD, ku cicaro caco gikuru I New York. Abakoranye nawe mu mwanya yamaze I New York imbere yo kurungikwa na ONU mu bihugu bitandukanye, babwiye Ijwi ry’Amerika ko ari umukenyezi w’incabwenge, bipfurije amahirwe masa mu mabanga yiwe mashasha.

Giovanie Biha afise impamyabushobozi “Master” mu vy’ubutunzi yavanye kuri kaminuza ya Illinois aha muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG