Uko wahagera

Ubugiriki: Umuriro Warahungabanije Ubuzima bw'Impunzi


Mu gihugu c’Ubugiriki, abantu ibihumbi bategetswe kuva mu makambi y’impunzi bari basanzwe bacumbitsemwo, biturutse ku muriro wadutse mw’ikambi ry’impunzi iri mw'izinga rya Lesbos.

Abategetsi bamenyesha ko bakiriko baratohoza icatumye uwo muriro waduka, n’ivyahononekariye. Abimukira bashika ku 5.400, hamwe n’impunzi nibo basanzwe baba mw'izinga rya Lesbos, aho impunzi zigera ku muliyoni zaciye kuva mu mwaka uheze, zigana ibihugu vy’Ubugiriki hamwe na Turukiya.

Igihugu c’Ubugiriki kiramaze kurengerwa n’ubwinshi bw’abimukira ku mazinga yaco. Abimukira bashika ku 60.000, harimwo n’abari mu mazinga nibo baharurwa mu gihugu c’Ubugiriki. Abenshi bahunga ubukene hamwe n’intambara biri muri Afurika.

XS
SM
MD
LG