Uko wahagera

Umuririmvyi Manu Dibango Yahitanwe na Virusi ya Corona


Manu Dibango, umucuraranzi rurangiranwa w’umuziki aturuka mu gihugu ca Kameruni yitavye Imana uno musi ku wa kabiri ahitanywe n’umugera wa Corona. Yari afise imyaka 86.

Manu Dibango yamenyekanye ku muziki wiwe wa “Makossa” ni we muntu rurangiranwa kw’isi wa mbere ahitanywe n’umugera wa Corona. Yitavye Imana ari mu bitaro vyo ku murwa mukuru w'Ubufaransa, Paris.

Amaziko yiwe azoba mw’ibanga ry’umuryango wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG