Uko wahagera

Umuririmvyi Koffi Olomidé Imbere y'Ubutungane bw'Ubufaransa


Koffi Olomide kumwe n'uwumuburanira

Ejo ku wa mbere, umuririmvyi Koffi Olomidé akomoka muri Kongo azocirwa urubanza i Versailles mu Bufaransa ku vyaha vy’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye bane mu bakobwa bamufasha gutamba indirimbo ziwe.

Umwe mu bakobwa bemeza ko bahohotewe na Koffi Olomidé avuga ko yabatwara mu mahoteri, akabafata ku nguvu. Uwo mukobwa asigura ko hari n’igihe uwo muririmvyi yabakorera ivya mfurambi bari muri Studio. Uwatanze iyi ntahe yemeza ko yamufata ku nguvu n'imiburiburi kabiri mu ndwi.

Koffi Olomidé arahakana ivyaha yagirizwa ko yakoze hagati yo mu 2002 no mu 2006. Mu 2019, sentare y’intango y’i Paris yari yamusabiye gufungwa imyaka 2, mu gihe uruhande rwamurega rwo rwifuza ko yofungwa imyaka indwi. Mu bakobwa Koffi yagirizwa ko yafashe ku nguvu akanahohotera, harimwo abari batarakwiza imyaka 18 ico gihe.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, Ijwi ry'Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko uwuburanire Koffi Olomidé yanse gutomora niba azokwitaba ubutungane. Ubushize yihojeje ubutungane bw'Ubufaransa incuro zibiri, ari nako guca bumusohorera umutahe umuhagarika.

Mu bindi vyaha Koffi Olomidé yagirizwa, harimwo ukuba abo bakobwa yabinjije mu Bufaransa ku mpapuro za magendu. Si ubwa mbere Koffi Olomidé w’imyaka 65 ahanganye n’ubutungane: Mu 2012, ubutungane bwa Kongo bwamukatiye igifungo c’amezi 3 bumwagiriza guhohotera uwumufasha gutunganya indirimbo ziwe, mu 2016 yirukanwa muri Kenya inyuma yo gutera umugere umwe mu bakobwa bamufasha gutamba, mu 2018 Zambiya nayo imusohorera umutahe imwagiriza guhohotera umufotozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG