Umutegetsi akomeye mu gipolisi c’Uburundi yagabishije ku mugaragaro kwica abanywanyi b’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, Congres National pour la Liberte, CNL hamwe n’imiryango yabo hamwe bogirisha "amanama atemewe n'amategeko".
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryatangaje ko mu majwi yafatiwe mu nama yabaye muri Komine Gasogwe ku musi wa gatatu w’iyi ndwi yari iyobowe na bulamatari w’intara ya Muyinga, umukuru w’igipolisi muri iyo ntara, Jerome Ntibibogora yumvikanye avuga ko uwuzokwirahira agafatwa ariko akoresha ayo manama azoba akwegeye umuryango wiwe.
Muri ayo majwi yacanacanye no ku mbuga ngurukanabumenyi Ntibibogora yumvikana agira ati:"Buramatari yababwiye ko mfata? Jewe simfata. Wirutse ndakurungikira ico mfise kandi ntaco uzosiga."
Ntibibogora yumvikana kandi avuga ati:" Mudahinduye muzokwama muririmba muririmba rwa rurimbo aheza mw'ijuru. Urwo baruririmba ryari? Bagiye mw'isengero? bagiye ku maziko! Jewe sinzofata. Bavuze ngo dufashe dushire procureur, twarafashe turamushira abo twamushiriye baramaze.
"komiseri kominari nguyu ndabivugiye aha: Umuntu uzosanga ari mu kirombwe, murase amasasu ndayafise akwiye. Wavyumvise? Ubu harageze aho dukoresha inguvu. Twagwanye n'ivya 2015, tugwana ivya kera mw'ishamba, mwe ni mwe mwotunanira?"
AFP isigura mu nkuru yayo ko Jerome Ntibibogora yivugiye ko yama afise ibirwanisho biturika, ko ashobora gutorera inyishu abikoresheje ku nyubakwa y’uwariwe wese aba ariko ahungabanya umutekano. Ngo mu gihe uwo muntu yoba ari kumwe n’umugore n’abana, bazogira rimwe nta kibuza.
Babajijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, abategetsi b’igipoilisi c’igihugu n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu Burundi ntibashatse kugira ico bavuze ku vyavuzwe n’umukuru w’igipolisi mu ntara ya Muyinga.
Yamara umwe mu bategetsi ba Reta atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yariyamirije ugutwariza hejuru birenze urugero kw’uwo mutegetsi w’igipolisi. Yatangaje ko umutegetsi mu gipolisi adashobora gukoresha amajambo nkayo kubera ataho ahuriye na politike ya Reta.
Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera uwuvugira igipolisi mu Burundi akatari gake ntiyitaba terefone.
Facebook Forum