Uko wahagera

Umunyamerika Yanyurujwe muri Nijer


Umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho, waranyuruje umukozi w’ishirahamwe ry’abagiraneza, aturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y’igitero bakoze kur'uyu wa gatanu, ku muhana w'uyo yanyurujwe, igitero cahitanye abazamu babiri bakorera kur’uwo muhana.

Iryo nyuruzwa ryabereye mu gisagara c’ahitwa Abalak, mu karere ka Tahoua. Ahmed Dilo, umuyobozi w’ico gisagara avuga ko yanyurujwe n’abantu bari mu modoka y’ubwoko bwa jeep, bakaba bafashe inzira igana ku mupaka wa Mali.

Gushik’ubu nta tangazo rirasohoka ry’abiyitirira iryo nyuruzwa. Ibiro vy’Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Niger, vyagabishije abanyagihugu babo ko bocungera umutekano wabo, bakirinda n’ingendo zidakenewe.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, muri Niger yasohoye itangazo, aho amenyesha ko abajejwe umutekano bariko barakora ibishobotse kugira bagarukane uwo yanyurujwe.

XS
SM
MD
LG