Uko wahagera

Umunyagihugu Yakubise Perezida Emmanuel Macron


Perezida Macron akubiswe n'umunyagihugu, abajejwe umutekano bariko baramuhungusha
Perezida Macron akubiswe n'umunyagihugu, abajejwe umutekano bariko baramuhungusha

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron yakubiswe ikofe igihe yagendera igisagara gitoyi ca Tain-L'Hermitage kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Ivyo vyatumye ashigikirwa n’abanyapolitike b’Abafransa bo ku mpande zose.

Prezida Macron yariko aramutsa abanyagihugu bari bamurindiye inyuma y’amabariyere mu gisagara ca Tain-L’Hermitage. Hari inyuma yuko agendeye ishule yisumbuye yigisha abanyashule ibijanye n’ugukora mu mahoteri n’uburiro.

Amasanamu ya video yerekanye umugabo amukubita ikofe, abajejwe kumukingira bamusunika kugira bamwigizeyo. Macron yaciye avanwa vyihuta aho ivyo vyabereye.

Televiziyo y’Ubufransa, BFM TV, yatangaje ko abantu 2 batawe mu mvuto n’igipolisi. Prezida Macron ntaco yari bwatangaje ku vyabaye, akaba yabandanije urugendo rwiwe.

Uwo mugabo, yari yihishije mu maso, asa n’uwasemereye amajambo yiyamiriza Macron.

Mw’ijambo yariko ashikiriza inama nshingamateka, umushikiranganji wa mbere, Jean Castex yatangaje ko ari igitero cakozwe kuri demokrasi biciye ku mukuru w’igihugu.

Yatangaje ko demokrasi yerekeye impari z’ivyiyumviro, aho bishika ko abantu batumvikana, ko yamara gutukana n’ugukoresha inguvu bitarekuriwe.

Mu gihe hasigaye ikiringo kiri musi y’umwaka ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu, no mu gihe igihugu kiriko kigenda gisubira kwugurura ubutunzi bwaco bwasinzikajwe n’ikiza ca Covid-19, Macron yatanguye mu ndwi iheze kugendera ibice bitanduykanye vy’Ubufransa kugira yumve izo abanyagihugu bagona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG