Uko wahagera

Umunyagihugu wa Canada Yazimiriye muri Burkina Faso


Ikarata ya Burkina Faso

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Canada n’ayandi makungu butangaza ko umunyagihugu w'ico gihugu yari yagiye muri Burkina Faso kurondera ivya ngombwa bimufasha kuja gukora ibikorwa vy'abagira neza muri Togo ata wuzi irengero ryiwe haraheze indwi zitatu.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Canada biriko bivuga ko Edith Blais w’imyaka 34 yagiye muri Burkina Faso avuye i Buraya akoresheje imodoka, ari kumwe na mugenzi we Lucas Tacchetto w’imyaka 30, akomoka mu gihugu c’Ubutariyano.

Nta vyinshi biratangazwa kw'izimira ry'abo bagira neza.

Reta ya Burkina Faso iheruka gushira igihugu mu bihe bidasanzwe bivuye ku mutekano muke: Muri ino ndwi abagera kuri 46 baraguye mu ngwano zifatiye ku moko muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG