Uko wahagera

Umuntu wa Mbere Yahitanywe na Virusi ya Corona muri Tanzaniya


Ishusho ngereranyo yerekana isandugu irimwo uwahitanywe na Corona muri Espagne.
Ishusho ngereranyo yerekana isandugu irimwo uwahitanywe na Corona muri Espagne.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Tanzaniya, Ummy Mwalimu, yatangaje uno musi ku wa kabiri ko Umunyatanzaniya w’imyaka 49 yabaye umuntu wa mbere yitavye Imana ahitanywe n’ikiza c’umugera wa Corona.

Uwo muntu avurwa ko yari asanzwe afise ibindi bibazo vy’amagara.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Tanzaniya, Ummy Mwalimu yabwiye abamenyeshamakuru ko gushika ku musi wa mbere w'iyi ndwi, abantu 19 ari bo bari bamaze kwemezwa ko bafise umugera wa Corona. Babiri muri bo baturuka mw’izinga rya Zanzibar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG