Uko wahagera

Umuntu wa Mbere Yahitanywe na Virusi ya Corona muri Afurika


Umuntu wa mbere ku mugabane wa Afurika yahitanywe na Virusi ya Corona. Uwo mugabo w’imyaka 60 akomoka mu Budagi yashengereye muri Misiri. Yari yashitse muri ico gihugu mu ndwi iheze.

Ibiharuro vyashizwe ahabona uno munsi vyerekana ko muri rusangi abamaze guhitanwa n’umugera wa Corona barenga 3800 mu gihe abawanduye baharurwa hejuru y'110 000. Afurika kugera ino saha iharurwamwo abanduye barenga 90.

Ku bihugu 100 bivugwamwo ubwandu bw’umugera wa Corona ibiza imbere y’ibindi ni Ubushinwa iyo virusi yatanguriyemwo, Ubutaliyano, Koreya y’Epfo, Irani n’Ubufaransa.

Abahinga ba ONU mu vyo ubutunzi bamaze gutangaza ko uno mwaka uwo mugera ushobora kuzohomvya isi amamiliyaridi y’amadorali ari hagati y’igihumbi n’ibihumbi bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG