Uko wahagera

Abana b'Abakobwa mu Bibazo Bitandukanye Batewe na COVID-19


Umwana w'umwigeme mw'ikambi y'abegeranirijwe hamwe i Mogadisho muri Somaliya, ateruye mutoya wiwe.

Amakungu kuri uno wa Mungu arahimbaza umunsi wahariwe umwana w'umwigeme. Ni umunsi usanze isi yugarijwe n'ikiza ca Virusi ya Corona casesereje ubutunzi mu mihingo itandukanye, ingaruka mbi z'ivyo vyago zikaza zikora ku bana b'abigeme hirya no hino kw'isi nk'uko amashirahamwe atandukanye avyerekana.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatanguje uyu munsi mu 2011 mu ntumbero yo guteza imbere uburenganzira bw'umwana w'umwigeme, ryatangaje ko ibibazo vyari bisanzwe vyugarije abana b'abakobwa imbere ya Virusi ya Corona vyiyongereye na cane cane mu bisata vy'uburezi, gukumirwa mu buzi, ihohoterwa rifatiye ku gitsina n'abana bubaka izabo bataragera: Ishirahamwe nyamerika mpuzamakungu ryitaho ineza y'abana, Save the Chidren, rivuga ko n'imiburiburi kw'isi yose uno mwaka uzohera abana b'abakobwa baharurwa mu bihumbi amajana atanu bahatiwe kuja kubaka izabo bataragera n'imiryango yabo.

ONU mu biharuro yatanze nayo, yerekanye ko mu mwaka uza, abakobwa baharurwa mu miriyoni 435 kw'isi bazoba babeshwaho n'amadorari adashika kuri abiri ku munsi, abaharurwa mu miriyoni 47 nabo bakazokugarizwa n'ubukene bukabije. Ubwo bukene, ugusama amada atipfujwe, uguhohoterwa, bizotuma abana b'abakobwa baharurwa mu miriyoni 20 baheba amashure yabo nkuko vyerekanwa n'ikigo citiriwe Malala. Abo bazoba baje biyongera ku bandi bagera ku miriyoni 132 ONU ivuga ko bari basanzwe bataja mu masomero bivuye ku bukene bwugarije imiryango yabo n'amabi bakorerwa atandukanye.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG