Uko wahagera

Umumenyeshamakuru wa Radiyo RFI Yirukanywe muri Kongo


Ikarita ya Kongo
Ikarita ya Kongo

Radiyo mpuzamakungu y’Ubufransa, RFI, yatangaje ko Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo yatse, Florence Morice, umwe mu bamenyeshamakuru bayo uburenganzira bwo gukorera muri ico gihugu.

Itangazo RFI yasohoye uno musi ku wa gatatu rivuga ko Florence Morice yariko akora akazi kiwe mu gukwirikirana amatora y’umukuru w’igihugu aheruka kubera muri Kongo. Iryo tangazo risaba Reta ya Kongo gusubira ku ngingo yafashe.

Iryo tangazo kandi rimenyesha ko imirongo yayo yugawe mu bice bitari bike vy’igihugu kuva ku musi wa kabiri.

Ubuhinga bwo guhanahana amakuru “internet” bwarugawe mu gihugu cose muri iyi ndwi mu bisa n’akigoro ka Reta ko gutuma amakuru y’ibihuha adahanwahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi ku vyerekeye ivyavuye mu matora yo ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG