Uko wahagera

Umukuru w’Urwego rw’Abashingwamanza mu Burundi, Isidore Rufyikiri Yarapfunguwe

Umushingwamanza Rufyikiri yarashimiye abantu bose bagize uruhara mw’ipfungurwa ryiwe.

Umushingwamanza, Isidore Rufyikiri, umukuru w’urwego rw’abashingwamanza mu Burundi yarapfunguwe ejo ku musi wa kane. Yari amaze imisi indwi mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ko yatutse abacamanza n’abashikirizamanza.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Umushingwamanza Rufyikiri yarashimiye abantu bose bagize uruhara mw’ipfungurwa ryiwe.

Amenyesha ko icaha yakwirikiranwa ko ari icaha ataho gihagaze. Avuga ko uwitwaye, canke uwatutswe kanaka batashoboye kumenyekana nkuko amategeko abitegekanya.

Maitre Rufyikiri yatangaje ko bazobandanya bakora akazi kabo nkuko bisanzwe. Akaba yizeye ko n’umushingwamanza Francois Nyamoya akiri mu munyororo azorekugwa.

This item is part of
XS
SM
MD
LG