Uko wahagera

Umukuru wa Gisirikare muri Aljeriya Yitavye Imana


Uwahoze ari Perezida w'Aljeriya Abdelaziz Bouteflika kumwe na Lt. Gen. Ahmed Gaed Salah

Umukuru w’intwaramiheto mu gihugu ca Alijeriya, Lieutenant-General Ahmed Gaed Salah, yagize uruhara ruhambaye mw’ikurwa ku butegetsi rya Perezida Abdelaziz Bouteflika, yitavye umuremyi uyu musi ku wa mbere.

Urupfu rw’uyo musirikare yari afise imyaka 79, rushitse mu gihe mu gihugu hagize imisi haba imyiyerekano itavanako, yo gusaba ko abategetsi b’ico gihugu batanga imihoho. Birtyo, abasirikare bakagabanya uruhara mu vyerekeye politike.

Urupfu rwa Gaed Salah, rushobora kutagira ingaruka nini mu vyerekeye ubutunzi hamwe na politike vy’igihugu. Yamara igiteye amakenga ni uko muri iki gihe hari abasirikare benshi bakomeye bashobora kwifuza kumusubirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG