Uko wahagera

Somaliya: Umukuru w'Inama Nshingamateka Yatanze Imihoho


Uwahoze ari umukuru w'inama nshingamteka muri Somaliya

Umukuru w’inama nshingamateka mu gihugu ca Somaliya, Mohamed Osman Jawaari, yatanze imihoho inyuma y’indwi zitatu yari amaze ahanganye n’umushikiranganji wa mbere, nk’uko amakuru atangazwa n’abategetsi bo mu gihugu ca Somaliya abivuga.

Umushikiranganji ajejwe ibwirizwa shingiro Abdirahman Hosh Jibril yatangaje iyo nkuru abicishije kuri Tweeter.

Iyi nkuru yemejwe kandi n’umushingamateka Hussein Arab Isse mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika.

Isse yavuze kandi ko umukuru w’inama nshingamateka yafashe nka nkama impanuro yahawe na Perezida Mohamed Abdullahi Famajo.

Abashingamateka bashigikiye umushikiranganji wa mbere Hassan Ali Khaire, barega Jawari ko yarenze ku mategeko yafashwe n’inama nshingamateka kandi ko yatebesheje ibikorwa vy’abashingamateka. Yamara Jawari yarahakanye ivyo birego, akaba yavuze ahubwo ko ari ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyaburizamwo ayo mategeko ngo kuko vyashaka ko atanga imihoho..

Abashingamateka bashigikiye Jawari bavuga ko ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, vyashikirije urwandiko rwo gusaba gukurako icizero Jawari kugira ngo ubutegetsi bw’umushikiranganji wa mbere butsimbatare kurusha.

Jawari afise imyaka 73 muri iki gihe, yabaye umukuru w’inama nshingamateka mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’2012, yongera asubira gutorwa mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG