Uko wahagera

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Yabonanye n'Abasenyeri Katorika


Abepiskopi ba Ekleziya Katorika mu Burundi na Perezida Evariste Ndayishimiye
Abepiskopi ba Ekleziya Katorika mu Burundi na Perezida Evariste Ndayishimiye

Abungere ba Ekereziya Katorika mu Burundi, nk’uko bari babisavye umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yabakiriye mu Birimba vya Gitega, arabumviriza yongera arabayagira.

Baserukiwe na Musenyeri Ntahondereye Yohakimu arongoye Diyoseze ya Muyinga. Abungere babanje gukeza Umukuru w’Igihugu amaso mu yandi. Ntibibagiye kumugarukirako no guhoza Abarundi baheruka kubura Perezida Pierre Nkurunziza.

Ivyo biheze, Abungere baciye babaza Umukuru w’Igihugu Imigambi n’Imigabo ategekaniriza Uburundi, bongera baramushikiriza ivyipfuzo vyabo babona ko vyofasha Uburundi gusagwa n’Iteka n’itekane.

Perezida Ndayishimiye yabashimiye ku mwitwarariko bafitiye Uburundi, yongera arabahumuriza abamenyesha ko ivyipfuzo vyabo binywanye n’Intumbero yiwe nk’uko bigaragarira mu civugo ngenderwako ciwe : «Turi kumwe Twese Birashoboka».

Yabandanije abigisha ibijanye no gutunganya Igihugu, ashimikira cane cane ku nsiguro ya Reta, mu nyuma abumvisha insiguro ya Reta Mvyeyi na Reta Nkozi, arangiriza kw’itandukaniro hagati y’Umunyagihugu n’Umwenegihugu. Muri ico kigabane nyene, Ndayishimiye yamenyesheje ko hari vyiza vyaranguwe n’abamuboneye izuba mu kurongora Uburundi, yiyemeza ku bitsimbataza no kuvyunganira.

Yaboneyeho gusaba Abungere kwigisha abo bajejwe ko igihugu ari umurima w’isangi, ko abakiramikiwe ari bo bakiramutswa, ariko ko atawokwima ngo abandi bimuke. Yabamenyesheje kandi ko mu ntumbero yo kunagura Igihugu ata gisata na kimwe kizofatwa minenegwe, ariko ko igisirikare, igiporisi, ubutungane n’intwaro ari ibisata shingiro. Kubera ivyo, ivyo bisata bitegerezwa kuba ishimikiro ry’indinganizo mu gihugu.

Yasozereye asaba Abungere kuzirikana ko Uburongozi bw’Igihugu n’Uburongozi bwa Ekereziya ari magiriranire, ati yamara rero nta mukuru abura mukuru we, mutegere neza ko ata mugambwe, idini, ishengero canke ishirahamwe vyokwemererwa kuba nk’akazu ka Samandari mu gihugu, na cane cane ko Uburundi ari igihugu kitegamiye idini canke ishengero na rimwe.

Yarangije abemerera ko ikiyago nk’ico kigiye kubandanya, abanyamadini n’amashengero babere abahanuzi n’imboneza indongozi z’igihugu mu bijajnye no kwemera Imana, Indongozi z’Igihugu na zo zibabere imboneza mu bisata zijejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG