Uko wahagera

Trump ariyamiriza Aba Republikani Batamushigikiye


Donald Trump mu myiyamamazo
Donald Trump mu myiyamamazo

Donald Trump, umukandida w’aba Republikani, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yaneguye yivuye inyuma abanywanyi bo mu mugambwe wiwe bavuga ko batamushigikiye.

Abo nabo ni nk’umukenguzamateka wo mu Reta ya Maine, Susan Collins, n’abandi bategetsi batari bake baturuka mu mugambwe w’aba Republikani, bahoze bakora mu vy’umutekano, no mubijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu.

N’inyuma y’aho kandi hasohokeye ibindi biharuro vyerekana ko umukandida w’aba Demokrate, Hillary Clinton atera aza imbere cane ya Trump. Ibiharuro vyasohotse kur’uyu wakabiri vyerekana Hillary Clinton aza imbere ibice 51 kw’ijana, kuri 41 kw’ijana vya Donald Trump.

Umukenguzamateka Susan Collins, ari mu bavuga ko badashigikiye umukandida wabo, yabwiye ikinyamakuru Washington Post, ko Donald Trump ata muco w’aba Republikani, werekeye uburongozi bushira hamwe abantu, afise.

Collins avuga kandi ko Trump atagira ugutekana muri we, n’ingendo ikenewe kugira abe umukuru w’Igihugu. Collins akavuga ko ahubwo Trump ahitamwo gusuzugura no gutuma urutoke abantu kubijanye n’amadini canke ubwoko bwabo.

XS
SM
MD
LG