Uko wahagera

Umugwi w'Abashingamateka ba Amerika ku Kibazo ca Congo


US Congress Hearings On Congo
US Congress Hearings On Congo

Ibiharuro bishikirizwa bivuga kw’abafasoni batari musi y’ibihumbi 200, bafashwe ku nguvu,

Abantu bahanira ineza y’abanyagihugu batari bake, baragiye imbere y’umurwi w’abashingamateka bajejwe gukwirikirana imigenderanire ya reta zunze ubumwe za amerika n’amakungu, ku musi w’ejo ku wakabiri, umusi wahariwe abafasoni kw’isi hose, mu mugambi wo gutera akamo gasaba ko reta zunze ubumwe za amerika, zigena intumwa idasanzwe mu ntara ya Afrika y’ibiyaga binini. Ico kibanza nta mutegetsi gifise kuva aho Howard Holpe, incabwenge yahora ari n’umushingamateka muri reta zunze ubumwe, atangiye imihoho mur’ico kibanza mu mwaka uheze.

Abo bantu baharanira ineza y’abanyagihugu, bavuga kw’iyo ntumwa idasanzwe, yofata umwanya ukwiye kugira ngo arangure amabanga yo gukwirikirana ibibazo vyo mu buseruko bwo gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo, aho bavuga kw’abafasoni aribo, ahanini bageramiwe n’ubunyamaswa hamwe n’umutekano muke, vyaranze iyo ntara. Ibiharuro bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu bivuga kw’abafasoni batari musi y’ibihumbi 200, bafashwe ku nguvu, bagakorerwa ivyamfura mbi, mur’iyo ntara yo mu buseruko, kuva mu mwaka w’1998.

Mu bantu bari mur’iyo nama, harimwo Cindy McCain, umutambukanyi wa senateur John McCain, yigenze guhiganwa mu matora ya president wa reta zunze ubumwe za amerika; umutegetsi yigeze gukora muri reta ya president Clinton, John Prendergast, hamwe n’umukinyi w’amasinema kirangiranwa, Ben Affleck, afise ishirahamwe ryitwa Eastern Congo Initiative. Umushingantahe Affleck hamwe n’abandi bajejwe guharanira ineza y’abanyagihugu, bariko baragerageza kumenyesha abantu ukuntu abafasoni bo mu buseruko bw’ighugu ca Republika Iharanira Demokrasi, bakorerwa ubunyamaswa.

John Prendegast yasiguye kw’urudandazwa rudaciye mu mategeko rw’ubutare bwitwa Coltan hamwe n’ubundi butare bukoreshwa mu guhingura amatelephone agendanwa mu ntoke, bita telephone mobiles, arirwo rwatumye ingwano yo mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo, ikomera, ikaba yabaye ingwano ya mbere yahitanye ubuzima bw’abantu benshi, inyuma y’ingwano y’isi yose igira kabiri.

Prendegast yarongoye arakeza urwego rwa Congo kubera itegeko abashingamateka basohoye, rivuga kw’amamuko y’ubutare buguriwe mur’ico gihugu, ategerezwa kugaragazwa, kugira ngo ubutare bwa Coltan bwimburirwa mu ntara y’ico gihugu iri mu minwe y’abagwanyi, bumenyekane. Yarateye akamo kandi gasaba ko hoshingwa uburyo bwo gutanga uburenganzira, nka bukoreshwa ku butare bwa Diamant, kugira ngo ubutare bwo mu ntara ziri minwe y’iyo mirwi, ntibushobore gushorwa mu mahanga.

Abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika, barimwo umutegetsi akomeye wo muri department ya reta ya amerika Donald Yamamoto, nabo nyene baremeye akamaro ko kugenduza urudandazwa rw’ubwo butare, rudaciye mu mategeko hamwe n’akamaro ko gutuza inyifato yo gufata abantu ku nguvu mu gihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Yamamoto yavuze ko gukomeza ubushobozi bw’abasirikare b’igihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, hamwe no gutunganya amatora mu buryo bugaragara mu mpera z’uyu mwaka mur’ico gihugu, bizotuma umutekano, usasagara mur’ico gihugu.

UmunyeCongo afise ikibanza yandikirako amakuru, Franklin Katunda, yari mu murwi w’abashikirije amajambo, yavuze kw’anezerewe n’ukubona reta ya president Obama yitayeho igihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, yamara yavuze kw’atanezerewe n’ukubona ata mutegetsi n’umwe mu bategetsi bari mur’iyo nama, yagize ico avuga kuri raport yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu mu mwaka uheze, ivuga ivyerekeye ubwicanyi n’ubunyamaswa vyakozwe mu gihugu Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, kuva mu mwaka w’1993 gushika mu mwaka w’2003.

Katunda yavuze ko kwemeza no kwemera uruhara rwakozwe n’ibisirikare vyo mu bihugu vyo mur’iyo ntara hamwe n’imirwi yitwaje ibigwanisho mur’ubwo bwicanyi n’ubwo bunyamaswa, ar’intambwe ihambaye mu nzira yo kurangiza ikibazo c’umutekano mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG