Inteko za Reta ya Somalia n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ziriko zigenzura amabarabara y’umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, umusi ujwe inyuma yuko abagwanyi b’umugwi al-Shabab bavuye giturumbuka mu bice nka vyose vy’umurwa mukuru.
Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Abdiweli Mohamed Ali, yavuze ko ukuva ku murwa mukuru kw’umugwi al-Shabab ari intambwe ikomeye kuko bizotuma Somalia irangwa n’umutekano kurushiriza.
Yamara umugwi mutoyi w’abagwanyi b’umugwi al-Shabab wagumye mu gisagara ca Mogadisho. Hari inkuru zatangajwe ejo ku musi w’Imana ko habaye ugutana mu mitwe incuro zitari nke.
Umuvugizi w’umugwi al-Sahabab yaasubiwemwo avuga ko ukuva mu gisagara ca Mogadisho kw’umugwi al-Sahabab ari uguhundura uburyo bwa gisirikare, ko uwo mugwi uzobandanya kugwana.
Abagwanyi b’umugwi al-Sahabab babandanya kugenzura ibice vyinshi vya Somalia, aho naho hari ikibazo c’inzara babuza kuja amashirahamwe y’abanyamahanga ajejwe gutanga infashanyo