Uko wahagera

Umugwi al-Shabab Warakuye Abagwanyi bawo ku Murwa Mukuru wa Somalia, Mogadisho


Umusirikare w'ishirahamwe ry'Ibihugu vya Afrika mw'ibarabara ry'i Mogadisho
Umusirikare w'ishirahamwe ry'Ibihugu vya Afrika mw'ibarabara ry'i Mogadisho

Inteko za Reta ya Somalia n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ziriko zigenzura amabarabara y’umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho

Inteko za Reta ya Somalia n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ziriko zigenzura amabarabara y’umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, umusi ujwe inyuma yuko abagwanyi b’umugwi al-Shabab bavuye giturumbuka mu bice nka vyose vy’umurwa mukuru.

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Abdiweli Mohamed Ali, yavuze ko ukuva ku murwa mukuru kw’umugwi al-Shabab ari intambwe ikomeye kuko bizotuma Somalia irangwa n’umutekano kurushiriza.

Yamara umugwi mutoyi w’abagwanyi b’umugwi al-Shabab wagumye mu gisagara ca Mogadisho. Hari inkuru zatangajwe ejo ku musi w’Imana ko habaye ugutana mu mitwe incuro zitari nke.

Umuvugizi w’umugwi al-Sahabab yaasubiwemwo avuga ko ukuva mu gisagara ca Mogadisho kw’umugwi al-Sahabab ari uguhundura uburyo bwa gisirikare, ko uwo mugwi uzobandanya kugwana.

Abagwanyi b’umugwi al-Sahabab babandanya kugenzura ibice vyinshi vya Somalia, aho naho hari ikibazo c’inzara babuza kuja amashirahamwe y’abanyamahanga ajejwe gutanga infashanyo

XS
SM
MD
LG