Uko wahagera

Umuganwa William w'Ubwongereza mu Rugendo muri Afurika


Umuganwa w'Ubwongereza William avugana n'uwukora ugushushanya Nancy Fouts i Kensington Palace Gardens i London, itariki 10/09/2018
Umuganwa w'Ubwongereza William avugana n'uwukora ugushushanya Nancy Fouts i Kensington Palace Gardens i London, itariki 10/09/2018

Umuganwa William wo mu gihugu c’Ubwongereza ari mu karere ka Afurika muri iyi ndwi kuganira ku bibazo bigeramiye inyamaswa. Uyu muganwa agize urwo rugendo imbere y’ikoraniro mpuzamakungu ryimirije kubera mu gisagara ca Londres ku bucuruzi butemewe n’amategeko bw’inyamaswa.

William yari mu gihugu ca Namibiya ejo ku musi wa mbere. Bikaba bitegekanijwe ko agendera ibihugu vya Tanzaniya na Kenya.

Ku musi wa mbere yabonanye n’icegera c’umukuru w’igihugu ca Namibiya, Nangolo Mbumba. Urugendo rwiwe rw’indwi mu karere ka Afurika ruzorangira ku musi w’Imana. Umuganwa William yagize urwo rugendo nk’umukuru w’amashirahamwe akingira inyamaswa, “United for Wildlife’”na “Tusk”.

Ubwongereza buzokwakira ikoraniro mpuzamakungu ku bucuruzi butemewe n’amategeko bw’inyamaswa kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG