Uko wahagera

Umugambwe wa Alpha Conde Umusaba Kwitoreza Manda ya Gatatu


Perezida wa Guinee, Alpha Conde

Umugambwe urir ku butegetsi muri Guinee uno musi kuwa kane wasavye Prezida Alpha Conde kwitoza mu kiringo kigira gatatu. Bitegekanijwe ko amatora y’umukuru w’igihugu muri Guinee aba muri uyu mwaka. Hisunzwe ibwirizwa shingiro, abaprezida bayobora igihugu mu biringo bibiri gusa.

Alpha Conde, afise imyaka 82 muri iki gihe, yatowe kuba prezida mu mwaka w’i 2010 no mu mwaka w’i 2015. Yamara muri uyu mwaka yarahinduye ibwirizwa shingiro abatavuga rumwe nawe bavuga ko ryahinyanyuwe mu ntumbero y’ugusubira kwitoza.

Abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi, “Ressemblement pour le Peuple de Guinee”, RPG, mu mpfunyapfunyo basavye Prezida Conde kwemera ivyo abanyagihugu bashaka ko ari we aba umukandida wenyene w’umugambwe RPG. Yamara ntarishura icese ku vyo basavye. Imbere y’aho yari yatangaje ko umugambwe uzofata ingingo ku wuzowuserukira mu matora.

Umurwi w’igihugu ujejwe amatora washikirije iciyumviro c’uko yoba kw’italiki 18 z’ukwezi kw’icumi. Ivyatangajwe uno musi ku wa kane bibonwa ko bizoshavuza abatavuga rumwe na reta bagirishije imyiyerekano ikomeye kuva mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze ku vyuko Prezida Conde ashobora kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG