Urwego nyobozi rw’umugambwe uri ku butegetsi mu bushinwa, rwasavye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa mu ntumbero yo kongereza ikiringo umukuru w’igihugu na visi Perezida wiwe bamara ku butegetsi.
Ibwirizwa shingiro ry’Ubushinwa, rivuga ko umukuru w’igihugu n’icegera ciwe badashobora kurenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu.
Bitegekanijwe ko manda zibiri za Perezida Xi Jinping, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2013, zihera mu 2023. Ariko ari nka hamwe ibwirizwa nshingiro ryohinyanyurwa, yoba afise uburenganzira bwo kongera kwitoza inyuma y’umwaka y’umwaka w’2023.
Facebook Forum