Uko wahagera

Umugambwe Uprona urabandanya gukoresha amakoraniro y’umugambwe mu makomine


Amakoraniro y’umugambwe Uprona mu makomine, ashobora kuzotuma ikibazo c’indyane ziri hagati mu bategetsi b’uyo mugambwe, kirangira

President w’inama y’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe Uprona, akaba n’icegera c’umuvugizi w’uyo mugambwe, Professeur Charles Nditije, avuga kw’ayo makoraniro ariko arabera mu makomine, yerekanye kw’inyifato yo gushka gukura inzego ku gahato, iriko irahebwa. Yavuze kw’inyuma y’ayo makoraniro yo mu makomine hamwe no mu ntara, hazoca hatunganywa ikoraniro rikuru ry’umugambwe, rizotuma impari zose zihari mur’iki gihe zirangira, ngo kuko abanywanyi bose b’umugambwe Uprona, bazokwitorera abategetsi babarongora

XS
SM
MD
LG