Uko wahagera

Umugambwe CNDD FDD Watoye Umunyamabanga Mukuru Mushasha


Reverien Ndikuriyo
Reverien Ndikuriyo

Umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi kuva kuri uyu w'Imana uramutswa umunyamabanga mukuru mushasha. Reverien Ndikuriyo yatowe mw'ikoraniro kaminuza ry'uwo mugambwe ryabereye ku mugwa mukuru wa politike Gitega.

Uwu mugabo si mushasha mu nzego z'umugambwe n'igihugu. Yahora arongoye inama nkenguzamateka kuva muri 2015 kugera muri 2020.

Reverien Ndikuriyo yavukiye mu ntara ya Makamba muri komine Kayogoro mu bumanuko bw’Uburundi muri 1970 ari mu baroye mu kiroberi c’Abahutu ca FDD mu myaka ya 90 imbere y’uko uwo muhari uhinduka CNDD FDD.

Ico gihe yari avuye kuri kaminuza y’Uburundi. Yaratwaye iyo ntara hagati ya 2004 na 2007, hagati ya 2007 a 2010 yari umushingamateka imbere y’ukuja mu nama nkenguzamateka kugera muri 2015 ubu naho akaba yahora atwara urwo rwego mu kiringo c’imyaka itanu ishize.

Bwana Ndikuriryo yiyemeje gukomereza aho uwo asubiririye yaragejeje.

Perezida Evariste Ndayishimiye yasimbuwe ku mwanya w’umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD nawe yashimye ko ibi bihe bishitse imigenderanire y’igihugu ciwe n’amakungu yifashe neza. N’u Rwanda yemeza ko bitaraja mu buryo avuga ko afise icizere.

Kuva ubu urwego rw’inararibonye za CNDD FDD rwahora rurongowe na nyakwigendera prezida Pierre Nkurunziza ruramutswa umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG