Uko wahagera

Umugambi w'Ihiganwa "European Super League" Wasambutse


Umugambi wo gutanguza ihiganwa ry'amakipe akomeye cane y'umupira w'amaguru mu karere k'Ubulaya bita, "European Super League" wasambutse. Imirwi 9 ku mirwi 12 yari yatanguje iryo higanwa yakuyemwo akarenge.

Umurwi Atletico Madrid wo muri Espanye ni wo wakuyemwo akarenge ubwa nyuma uno musi ku wa gatatu muri iyo mirwi icenda imaze kubivamwo. Imirwi yonyene isigayemwo icese ni Real Madrid, Barcelona yo mu gihugu ca Esipanye na AC Milan yo mu Butaliyano.

Ni inyuma y’uko imirwi yose ikomeye yo mu Bwongereza, isezeye hamwe na Inter Milan yo mu Butaliyano, yabaye iya mbere mu gukuramwo akarenge. Iyo mirwi yo mu Bwongereza ni Manchester United, Manchester City, Chelsea, Liverpool, Tottenham na Arsenal.

Ivyo vyabaye inyuma y’uko abakunzi, abakinyi, amashirahamwe y’umupira w’amaguru n’abanyapolitike batandukanye mu karere k’Ubulaya biyamirije bivuye inyuma iryo higanwa rishasha rya, “European Super League”. Ingingo y’ugutangaza icese itanguzwa ryayo yari yatangajwe ku musi w’Imana uheze.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yakora ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG