Uko wahagera

Umugambi Mushasha wa Amerika w’Ukwamira Ihonyabwoko kw’Isi


prezida Obama yatangaje ko ubwicanyi bukabije n’ihonyabwoko biri mu nyungu za Amerika mu bijanye n’umutekano w’igihugu

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaratangaje ejo ku musi wa kane, ishigwaho rw’umugwi ujejwe kwamira ihonyabwoko. Uwo mugwi uzoba ujejwe gutora uburyo Amerika izokwisunga mu kwishura ningoga ku bwicanyi bukabije n’uburyo bwiza bushobora gutuma ubwicanyi bukabije butaba.

Mw’itegeko yasohoye, prezida Obama yatangaje ko ubwicanyi bukabije n’ihonyabwoko biri mu nyungu za Amerika mu bijanye n’umutekano w’igihugu kandi iri mu bintu bikomeye bituma Amerika itegerezwa gufata ingingo z’ukugwanya ubwo bubisha.

Mu kiganiro, Tom Ndahiro, umunyarwanda agira ubushakashatsi ku vyerekeye ihonyabwoko yahaye Ijwi rya Amerika kuri uwo mugambi mushasha wa Reta ya Amerika yavuze ko uwo mugambi ari ikintu ciza ngo yamara gishobora kuba ari ikintu kije gicerewe.

Aribaza nimba uwo mugambi ari ikintu gishasha kije ciyongera ku migambi y’ukugwanya ihonyabwoko yari ihasanzwe.

Ndahiro yizeye ko uwo mugambi mushasha wa Amerika uzogira ico uhinduye ku yari ihari kandi ko usoshigwa mu ngiro.

XS
SM
MD
LG