Uko wahagera

Umudugararo Muri Nigeria


(file photo)
(file photo)

Abapolisi mu buraruko bw’ igihugu ca Nigeria bamenyesha ko baraye barashe barica umugabo yariko aragerageza gutwara umuduga warimwo ikibombe ngo aje kuwuseka ku biro bikuru vy’ igipolisi vyo mur’ akorere ka Nigeria.

Umukuru w’ igipolisi co mu ntara ya Borno, Simeon Midenda avuga ko abo bapolisi bishe uwo mugabo ejo kuwa mbere igihe yariko agerageza kwinjira mu rugo rurimwo ibiro bikuru vy’ igipolisi mu gisagara ca Maiduguri.

Simeon Midenda avuga ko umuduga uwo mugabo yaratwaye wari wuzuyemwo ibintu bishobora gukoreshwa nk’ ama bombe.

Abapolisi bavuga ko ico gitero cagire kibe cari categuwe n’ umugwi Boko Haram, umugwi w’ intagondwa z’ abaisilamu, bivugwa ko umaze gukora ibitero vyinshi vyahitanye abantu benshi mu gisagara ca Maiduguri. Ivyo bitero vyinshi bikaba vyarakozwe ku bapolisi n’ abandi bategetsi bo muri reta.

Izindi nkuru kuri Nigeria zivuga ko abantu bashika kuri cumi bishwe ejo mw’ ijoro mu gisagara ca Jos kiri hagati mu gihugu ca Nigeria.

XS
SM
MD
LG