Uko wahagera

Umucanwa Wadutse kw’Ishure ryo muri Nijeri Wahitanye Abana 20


Ishure ryadutseko umucanwa
Ishure ryadutseko umucanwa

Umucanwa wadutse kw’ishure ryo muri Nijeri wahitanye ubuzima bw’abana b’abanyeshure 20. Uyo muriro wadutse wahawe inguvu n’umuyaga ukomeye kw’ishure rito ryo ku murwa mukuru, nk’uko vyatangajwe n’abakozi bo ku bitaro uyu musi ku wa gatatu.

Abo bana 20 bahasize ubuzima, bari bafise imyaka iri hagati y’ 7 na 13. Bari mw’ishure igihe uyo muriro waduka ejo ku musi kabiri i saa kumi n’igice zo ku muhingamo.

Gushika ubu icawuteye kiracatohozwa kandi n’aho watanguriye ntiharamenyekana. Igihe waduka, bamwe mu banyeshure bari mu nyubakwa z’iryo shure mu gihe abandi bariko bigira hanze mu tuzu tw’ivyatsi.

Umushikiranganji wa mbere wa Nijeri, Ouhoumoudou Mahamadou, hamwe n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati Alkache Alhada, bishikiye kuri iryo shule kandi bahojeje imiryango y’abo bana baguye muri iryo sanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG