Uko wahagera

Umu Polisi Yishe Umugore Wiwe mu Burundi Yaciriwe Uwo Guherayo


OPP1 Prime Nduwimana yagandaguye umugore wiwe
OPP1 Prime Nduwimana yagandaguye umugore wiwe

Sentare nkuru isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi yaciriye umunyoro wo guherayo OPP1 Prime Nduwimana yagiwe n’icaha c’ukwica umugore wiwe amurashe yongera akomeretsa umwana wabo w'amezi umunani yari ahetswe na nyakwigendera.

Iyo sentare yategetse ko ubutunzi bwose bw’uyo mu polisi afise ipete rya Major buhabwa sebukwe agiye kurera abana 6 basizwe na nyakwigendera Louise Hagabimana. Muri ubwo butunzi harimwo inzu yo kubamwo, amafaranga yose afise muri banki, ibirabo bibiri, n'indishi y'akababaro k’imiliyoni 50.

Prime Nduwimana yemeye icaha naho yavuze ko atigeze agitegura. Yasiguriye sentare ko yagiye kugura ama unite ya terefone agarutse asanga umukenyezi wiwe ariko arwana n’umukobwa yari yazanye gukora mu kirabo gishasha ciwe, niko guca akanga madamu wiwe ko agira amurase yibaza ko mu nkoho yiwe yo mu bwoko bwa pistolet ata masasu yarimwo.

Uwaserukiye Reta muri urwo rubanza Oscar Rumeramagabo yamiriye kure izo nsiguro, abwira sentare ko inyendamuvano ari uko nyakwigendera yari yanse ko umuhabara w’umugabo wiwe arara mu nzu yabo. Umuryango w’umuhisi wunganiye uruhande rwa Reta mu kwemeza ko Prime Nduwimana yari yarahize kwica umugore wiwe kuva kera .

Prime Nduwimana yagandaguye umukenyezi wiwe kw’igenekerezo rya kane ukwezi kw’icumi na kabiri 2018 muri quartier Kajiji iri muri zone Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura. Abari hafi yaharwiriye ibara bemeza ko yamurashe amasasu atandatu, yakomerekeje umwana yari ahetse. Uwo mwana ariko aravugwa naho atawuzi ko azokira kuko aremvye cane.

Umuryango wabuze urashima ingingo za sentare naho ufise amakenga kw’ishirwa mu ngiro ry’urwo rubanza.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Raymond Nzimana

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:23 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG