Uko wahagera

Ukwimukira muri Amerika kwa Meghan na Harry Kuvugwako Vyinshi


Umuganwa w'Ubwingereza Harry na amadame wiwe Meghan
Umuganwa w'Ubwingereza Harry na amadame wiwe Meghan

Uno munsi ni umunsi wa nyuma wo kurangura amabanga y’ibwami ku muryango w’umuganwa w’Ubwongereza Harry n’umupfasoni wiwe Meghan.

Ni umunsi ushitse uwo muryango umaze indwi wimukiye muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, inyuma y’amezi hafi atatu bari bamaze baba muri Canada, igihugu bimukiyemwo bamaze gufata ingingo yo gusaba umwamikazi Elizabeth kubakurako amabanga y’I bwami.

Ukwimuka k’uwo muryango kuriko kuvugwako ibitari bike: Perezida w'Amerika Donald Trump mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa twitter yavuze ko Amerika idategekanya kuzowuronsa abacungera umutekano wabo.

Ikinyamakuru Time candikira muri Reta ya New York aha muri Amerika mu nkuru y’intangamarara yaco, canditse kigereranya ukwimuka kwabo n’ico cise “Ukwirengagiza ibihe bigoye vy’ikiza c’umugera wa Corona isi irimwo”, aho imipaka itari mike yugawe bo bagahitamwo kwimuka.

Harry w'imyaka 35 akaba umuzungu yuzuye, na Meghan w’imyaka 38 afise amaraso y’abirabure avanze n’ay'abazungu basavye gukurwako amabanga y’I bwami, basigura ko bashaka kwigenga no kuba mu buzima buri kure y’amaso y’abamenyeshamakuru. Ariko ikimenyeshamakuru Time cabisesanguye, gisigura ko uguhitamwo kwimukira mu gisagara ca Los Angeles kiri muri Reta ya Californiya bivuguruza insiguro zabo.

Meghan yakuriye muri ico gisagara kibamwo ivyamamare muri cinema n'umuziki. Kubw’ico kimenyeshamakuru, bakabona ko kuba muri Los Angeles abamenyeshamakuru ataho bazoba babahungiye.

Umwe mu bahinga mu vy'ubuzima bw'i bwami yabwiye itororokanirizo ry'amakuru y'Abafaransa, AFP, ko Meghan azokoroherwa cane kuba muri Amerika nyarirya hari abarushirije kuvuga ko atigeze yisanga mu Bwongereza. Kubw'uwo muhinga Penny Junor, ubuzima bw'Amerika bushobora yamara gukomerera Harry afatwa nk'umwe mu Baganwa b'Ubwongereza bakomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG