Uko wahagera

Ugutana mu Mitwe Gushasha muri Congo Kwatumye Impunzi Zinjira mu gihugu ca Uganda


Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara, “Croix Rouge” ryatangaje ejo ku musi wa kabiri kw’impunzi zirenga ibihumbi cumin a bitandatu zahungiye mu gihugu ca Uganda

Abasivile amajana n’amajana muri Republika iharanira demokrasi ya Congo bariko bahunga ugutana mu mitwe gushasha hagati y’abagwanya ubutegetsi n’igisirikare ca Congo.

Benshi muribo bariko bahungana ivyo batunze ku mugongo, mu gihe barengana inteko za Reta, inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, n’ibimodoka vya blinde.

Abagwanya ubutegetsi bwa Congo bafashe igisagara ca Rutshuru ata ngwano ihabaye, ku musi w’Imana, bakaba bafashe ibindi bice mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’ingwano ikomeye n’inteko za Reta ya Congo.

Ukwiyongera kw’igitigiri c’impunzi vyaribonekeje ku rubibe n’igihugu ca Uganda. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara, “Croix Rouge”, ryatangaje, ejo ku musi wa kabiri, kw’impunzi zirenga ibihumbi cumi na bitandatu, zahungiye mu gihugu ca Uganda, ziciye mu bice vya Bunagana, Katwe na Bukazi, biri ku rubibe n’igihugu ca Uganda.

Wangari Kiluve, wo mw’ishirahamwe Croix Rouge, akorera mw’ikambi y’impunzi ya Nyekabande, mu burengero bw’igihugu ca Uganda. Yabwiye Ijwi rya Amerika, ko mu mpera z’umusi w’ejo ku wa kabiri, iyo kambi ubwayo yonyene yari ifise hafi y’impunzi ibihumbi cumi na bine n’amajana atanu.

XS
SM
MD
LG