Mu Burundi bitegekanijwe kw’akazi gahagarara uno musi ku wa kabiri.
Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, umukuru w’ishirahamwe rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’itunga ry’igihugu, Gabriel Rufyiri, avuze kw’ubukene bwugarije abanyagihugu.
Amenyesha kw’ibiciro vy’ibiribwa ngenderwako vy’abanyagihugu vyaduze vyose mu gihe ibiciro vy’amatara n’amazi vyaduze bikomeye cane mu gihe amikoro y’abanyagihugu yoyo atisununura.
Muri ico gihe, Reta iguma irondera amatagisi n’amakori ku banyagihugu batobato mu gihe ata numwe mu bategetsi bakuru mu gihugu barondera gutanga ikori.
Rufyiri avuga kw’iryo ari ibara, kw’arico gituma basavye abanyagihugu, kwerekana akababaro kabo uno musi ku wa kabiri.
Ku bindi dutege amatwi Gabriel Rufyiri: