Uko wahagera

Uganda Yaronse Izindi Ncanco za Covid-19 Zatanzwe n'Ubuhindi


Kimwe mu bikarato vyajemwo mincanco za Covid-19
Kimwe mu bikarato vyajemwo mincanco za Covid-19

Uganda yaronse izindi ncanco zo gukinga ikiza ca Covid-19. Iza mbere za sosiyete Astrazeneca zirenga ibihumbi 800 zashitse muri ico gihugu ku munsi wa gatanu biciye mu mugambi, Covax, wo kuzikwiragiza mu bihugu bikenye. Izashitse kuri uno wa Mungu zigera ku bihumbi ijana zatanzwe nk'impano n’igihugu c’Ubuhindi nkuko biri ku rubuga rwa Twitter rw’ubuserukizi bw’ico gihugu muri Uganda.

Ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu muri Uganda nabwo butangaza ko aba mbere bazocandarwa bazoba bagizwe n’abakora mu gisata c’ubuvuzi, abajejwe gucungera umutekano n’abigisha. Ibicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter, Reta ya Uganda yavuze ko ibikorwa vyo gucandaga bizotangura ku munsi wa gatatu igenekerezo rya cumi, abacandarwa bagacandarwa ku buntu.

Ubuganda bubaye igihugu ca kabiri kigize Umuryango wa Afurika y’Ubuseruko kironse incanco za Covid-19 inyuma y’u Rwanda rwatanguye gucandaga ku munsi wa gatanu.

Hagati aho, tukivuga ku vya Covid-19, umuyobozi mukuru w’idini rya Buda, Dalai Lama, yasavye ababa kw’isi bose kuba ico yise “Intwari” bakicandagisha. Naho ivyigwa vyerekana ko ibitigiri vy'abavuga ko bizeye incanco zaCovid-19 vyiyongereye, ubu butumwa bwa Dalai Lama buje mu gihe hari abakomeje kuvuga ko hari ibihugu bidafise ubushobozi bwo kuzoronka vyihuse incanco zikwira abanyagihugu bavyo bose.

Kaminuza ya Johns Hopkins itanga ku mwanya ku mwanya amakuru y’ikiza ca Corona ikanagikorako amatohoza, mu biharuro vyayo bishasha yerekana ko abanduye kw’isi yose barenze imiriyoni 116. Reta Zunze Ubumwe z’Amerika iza ubwa mbere mu bwinshi: Abanduye bababa imiriyoni 30. Muri rusangi abamaze guhitanwa na Covid-19 bageze ku miriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu nkuko kaminuza ya Johns Hopkins ifise icicaro aha muri Amerika ibandanya ivyerekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG