Uko wahagera

Uganda: Polisi Yarashe 2 Batubahirije Amategeko yo Kuguma mu Nzu


Polisi ya Uganda mu Ruhigi rw'abanse kuguma mu mihana yabo.
Polisi ya Uganda mu Ruhigi rw'abanse kuguma mu mihana yabo.

Igipolisi c’igihugu ca Uganda catangaje uno musi ku wa gatanu ko abantu 2 bari mu bitaro inyuma yuko barashwe kubera bari barenze ku ngingo ya Reta iziririza uruja n’uruza mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira ry’ikiza c’umugera wa Corona.

Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni yasavye abanyagihugu kuguma mu mazu yabo.

Amashule, ibibanza abantu binezererezamwo n’ibibanza abantu basengeramwo hamwe n’amasoko abantu baguriramwo ibidandazwa bivuye mu burimyi vyarugawe mu kiringo c’ukwezi.

Abanyagihugu barabujijwe gukoresha uburyo bw’ugutwara abantu n’ibintu n’ukuba barenga 3 mu modoka imwe canke barenga umwe ku mapikipiki.

Umuvugizi w’igipolisi co ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, Patrick Onyango yatangaje ko abapolisi, bari mu gikorwa c’ugukwirikiza amabwirizwa ya Prezida Museveni, bahagaritse abantu 2 bari kw’ipikipiki ahitwa, Mukono, hafi y’umurwa mukuru, Kampala ku musi wa kane.

Avuga ko abo bantu bahanganye n’umwe mu bapolisi yaciye arasa amasasu mu kirere. Yamara abonye baje bamutumbereye yararashe umwe muri bo ku kuguru uwundi mu nda.

Onyango avuga ko abo bantu 2, bari mu bitaro, batangaje ko batari bazi amabwirizwa yatanzwe na Perezida Museveni aziririza abantu gukoresha uburyo bw’ugutwara abantu n’ibintu, hamwe n’uko ata bantu barenga 2 barekuriwe kuba bari ku mapikipiki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG