Uko wahagera

Uganda: Gushakisha Amajwi Yanyerejwe


Umugambwe ukomeye mu yitavugarumwe n’ubutegetsi muri Uganda FDC umenyesha ko uriko uratororokanya ivyemeza vyerekana ko amatora yibwe kugira ubishikirize umugwi w’amatora.

Amategeko agenga amatora atanga imisi cumi kuva ku musi ivyavuye mu matora bitangajwe kugira uwufise ico ashikiriza kukamubakiye ashobore kugishikiriza.

Umukuru w’umugambwe FDC Mugisha Muntu amenyesha ko umugambwe wiwe uriko ukora ibishoboka vyose kugira iyo misi ntibarengane bataratanga ivyemeza vyuko amatora yibwe.

Amenyesha kandi ko biteguye kwitwara muri sentare y’igihugu mugihe umugwi w’amatora utobatunganiriza.

Amenyesha kandi ko ivyo biriko birakorwa mugihe Kizza Besigye yaserukiye uwo mugambwe mu matora yama ariko arafatwa arekurwa n’inzego z’umutekano.

Naho biruko bamwe mu banywanyi b’uwo mugambwe bamenyesha ko atacizere bafitiye ubutungane bw’ubuganda, ko reta ishobora gutera igitsure abacamanza ntihagire ico bashikako.

Umukuru w’umugwi utegura amatora mu buganda, Badru Kiggundu, yatangaje ko Perezida Yoweri Museveni ariwe yatahukanye intsinzi kumajwi 60.07 kw’ijana mugihe Besigye yamukurikiye kumajwi 35.37 kw’ijana.




XS
SM
MD
LG