Uko wahagera

Uganda: Igeragezwa ry'Itangwa ry'Imiti ya Sida Hakoreshejwe Drone


Umukozi mu gisata c'amagara y'abantu muri Uganda
Umukozi mu gisata c'amagara y'abantu muri Uganda

Uganda iriko iragerageza gukoresha indege zitagira umudereva bita DRONE mu gushikiriza imiti ya Sida abanyagihugu mu buryo bwihuta.

Iyo miti iriko ijanwa mu mihana iri mu mazinga yo mu kiyaga Victoria. Uyo ni umugambi mushasha ufise intumbero yo kunagura uburyo bwo gushikana imiti mu bice vyo mu gihugu hagati, harangwa ubukene bw’imiti.

Ishirahamwe rikora imiti Johnson & Johnson ni ryo ryatanze umutahe wo kugerageza ubwo buryo bushasha. Ikigo co mu gihugu ca Uganda kijejwe ingwara zandukira ni co kiriko kiratunganya uyo mugambi. Kiriko gitanga imiti ipfupfahaza ikiza ca Sida mu tuzinga 84 turi mu gihugu hagati ahitwa Kalangala.

Uburyo bwo gushikana imiti mu duce tw’igihugu twa kure buramaze gukoreshwa mu bindi bihugu vyo muri Afrika nka Ghana n’u Rwanda. Mu gihe ubwo buryo bushasha bwo gushikana imiti muri ayo mazinga, bwogenda neza, bwoshobora gukoreshwa no mu zindi ntara za Uganda, zihanzwe n’ikibazo c’ubukene bw’imiti.

Ibitigiri vy’abantu bandura umugera wa Sida mu mazinga ya Kalangala biterwa cane cane n’ukuntu abahatuye bakora umwuga wo kuroba bama bariko bava mw’izinga rimwe bimukira mu rindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG