Uko wahagera

Uganda: Cholera Ishobora Gutera Ahasenyutse Imisozi Yahitanye 6


Umupfasoni ariko agerageza guhunga akarere ka Bududa

Bamwe mu bari baburiwe irengero ejo ku wa gatatu inyuma y’imisozi yasenyutse bivuye ku mvura y’isegenya yaguyemu buseruko bwa Uganda barokowe bagihumeka.

Umuryango utabara imbabare, Croix Rouge, ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu wavuga ko ababuriwe irengero bagera kuri 50.

Abategetsi batanze amakuru y’abatabawe ntibavuze abarokowe uko bangana. Ico bikoze ibikorwa vyo kurondera abahitanywe n’iyo misozi birakomeje nkuko ikinyamakuru c’Abafaransa AFP kibitangaza.

Abahitanywe n’iyo mvura yasinzikaje akarere kitwa Bududa gaherereye ku mupaka Uganda ihana na Kenya bamaze kumenyekana ni 6, abakomeretse nabo 27 mu gihe amazu yasenyutse ari hagati ya 80 n’ 100.

Amakuru ava muri Uganda avuga ko abatari bake mu banyagihugu baba mu karere ka Bududa bazindutse kuri uno wa kane bahunga mu gutinya iyindi sengenya y’imvura.

Akarere ka Bududakakomeje gutera impungenge Reta bivanye n’uko ibiti vyaharangwa kera vyaranduwe bigasubirizwa imirima gutyo imvura iguye ikabura ikiyitangira. Reta yaragerageje akatari gake kwimurira abahaba mu tundi turere ariko baranana.

Mu 2018 uruzi rwarenze inkombe rwahitanye 41 muri ako karere nyene. Hagati aho, Croix Rouge yagabishije ko ikiza ca Cholera n’izindi ngwara bishobora kuza gusongera isibe umwanya n’umwanya .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG